lirik.web.id
a b c d e f g h i j k l m n o p q r s t u v w x y z 0 1 2 3 4 5 6 7 8 9 #

lirik lagu bahaga prosper - ikinjana ca 20

Loading...

[intro]
yewe jewe naragowe
yewe jewe naragowe

[1st verse]
eee nanje ngo naravutse
ndaheza mvukira urwimo
nagize ngo ndakura
ikigoyi kiratera
abantu barahona

narambaje kiranga
narasenze rugiravyose
ndasaba amaragamo
ndasaba gukira ibiza
ese ayo niboneye

[chorus]
urumva nta magorwa jewe ntagowe
muri aya mahanga y’uburundi bwa nyaburunga

urumva nta magorwa jewe ntagowe
muri aya mahanga y’uburundi bwa nyaburunga

[2nd verse]
dawe akancira agace
eka na mawe akambarira
uheze uzire umuziro
ntukigere uyaga abiri
yo kuri ino ngoma
bwarakeye ntera imbere
narahuye n’abashengeye
turayaga turaseka
nkama ngira ngo ni rwo rukundo
buraca barangura

[chorus]
urumva nta magorwa jewe ntagowe
muri aya mahanga y’uburundi bwa nyaburunga

urumva nta magorwa jewe ntagowe
muri aya mahanga y’uburundi bwa nyaburunga

[bridge]
barundi, barundikazi
abataravuka bazokwumva ivyabaye mu kinjana ca 20 nk’umugani
yamara ibinyamakuru n’amaradiyo bizobamenyesha yuko ibara ryaguye

iyobobobobooooo
iyobobobobooooo
iyobobobobobobo

[3rd verse]
uwahoze ngo ari pfampfe
ni we yabaye umwansi rutura
urumva rero se bane
ntimuzobone ayo nabonye
birahama mu kuzimu
[chorus]
urumva nta magorwa jewe ntagowe
muri aya mahanga y’uburundi bwa nyaburunga

urumva nta magorwa jewe ntagowe
muri aya mahanga y’uburundi bwa nyaburunga


Lirik lagu lainnya:

LIRIK YANG LAGI HITS MINGGU INI

Loading...